top_leaderboard
Thursday, May 6E-mail: info@isonganews.com | Tel: 0783412401

Niger: Mohamed Bazoum yarahiriye ubutegetsi hamaze kubrizwamwo igikorwa co gutembagaza ubutegetsi

Muri Niger ku ncuro ya mbere habaye ibisikanya ku butegetsi biciye muri demokrasi mu gihe Mohamed Bazoum yarahiriye amabanga yo kuba umukuru w’igihugu.

Bishitse inyuma y’iminsi mike reta itangaje ko yaburijemwo igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi na bamwe mu ngabo z’igihugu.

Ico gihugu co muri Afrika y’uburengero kirahanzwe n’ibitero biguma vyongerekana vy’imigwi y’intagondwa z’aba Islam ( jihadiste) hamwe n’uruhagarara rwa poritike mu gihugu kuva habaye amatora mu kwezi kwa kabiri.

Irahira rya Mohamed Bazoum kuri uyu wa gatanu ryanditse amateka mu kuba irya mbere aho umutegetsi yatowe abisikanije ku butegetsi mu mahoro n’uwundi yatowe kuva ico gihugu cikukiye mu 1960.

Umutekano wari ucungerewe bikomeye cane ku murwa mukuru, Niamey, mu mwiteguro w’ivyo birori vyabaye haheze iminsi ibiri hari abasirikare barashe amasasu ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu gikorwa co kugerageza gutembagza ubutegetsi.

Reta yatangaje ko hari benshi bafashwe mu nzego zijejwe umutekano mu ruhara boba baragize mw’ico gikorwa co ku wa gatatu.

Niger nico gihugu ca mbere gikenye kw’isi, hisunzwe urutonde rw’ibihugu 189 rukorwa n’ishami rya ONU riraba iterambere, PNUD. Ico gihugu kimaze kubamwo itembagazwa ry’ubutegetsi incuro 4, ubwa vuba akaba ari mu 2010.

Prezida mushasha wa Niger ni nde?

Bazoum, w’imyaka 61, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati, yatsinze ku bice birenga 50% mu matora yabaye mu kwezi kwa kabiri.

Ariko mukeba wiwe mu mahiganwa, Mahamane Ousmane, yaranse ivyavuye mu matora avuga ko habayemwo ubusuma.

Abamushigikiye baragize imyiyerekano, intureka ikaba yagumye yiyongera kuva amatora abaye.

Bazoum asubiriye Mahamadou Issoufou, avuye ku butetegetsi amazeko imyaka 10. Mu kwezi guheze, uwo yahora ku butegetsi yahawe agashimwe ka miriyoni zitanu z’ama dolari ($5.000.000) k’uburongozi bwiza atari kuronka iyo aguma ku butetsi.

Mu bikorwa Bazoum ashira imbere cane harimwo guhangana n’ibitero vy’imigwi y’intagondwa z’aba Islam mu burengero bw’ico gihugu.

Niger kigize igihe gihanzwe n’iyongerekana ry’ibitero vy’abikekwa ko ari abagwanyi ba jihad , abantu bashika 300 bikaba bivugwa ko bamaze gupfa muri uyu mwaka bahitanywe n’ibitero.

Mu kwezi guheze, Niger carabayemwo igitero ca mbere gikomeye muri kahise k’ico gihugu , aho abakekwa kuba ari intagondwa z’aba Islam batera ibigwati vyinshi, bakica abantu 137.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *